Amatora mu Bufaransa: Ni ibiki vyabaye bigatangaza abantu?

Jean-Luc Mélenchon, inararibonye yo mu mugambwe wiwe, Parti de gauche (PG), ntiyatevye gutangaza intsinzi
Insiguro y'isanamu, Jean-Luc Mélenchon, inararibonye yo mu mugambwe wiwe, Parti de gauche (PG), ntiyatevye gutangaza intsinzi

Nta n’umwe yari yiteze ivyaraye bibaye. Nta nkeka, rwari nk'urukino rurorerewe cane, ariko ni ibintu vyatangaje benshi.

Umugambwe wa Marine Le Pen wo ku ruhande rw’abagendera ku vyiyumviro bikaze vy'abashira imbere igihugu (extreme-droite) n’uwari kumubera umushikiranganji wa mbere Jordan Bardella ni bo bari biteze intsinzi ikomeye. Baguye mu gahundwe babonye ibiyavuyemwo.

Abo mu rundi ruhande ruhushanye n'urwa Le Pen (extreme gauche) nibo baje imbere, uruhande rwo hagati na hagati rwa Perezida Emmanuel Macron rurivyukiranya ruza ubwa kabiri, ivyatumye umugambwe Rassambelent National (RN) wa Marine Le Pen uza ubwa gatatu.

Jean-Luc Mélenchon, inararibonye yo mu mugambwe wiwe, Parti de gauche (PG), ntiyatevye gutangaza intsinzi.

Mw’ijambo yashikirije abanywanyi biwe bari mu kibanza citiriwe Bataille-de-Stalingrad, yashimangiye ko Perezida Macron n’urunani rwiwe bategerezwa kwemera ko batsinzwe.

Uko ibintu bimeze muri ano matora, nta ruhande na rumwe mu nani zahiganywe rwashoboye kuronka ubwiganze bw’intebe 289 mu nama nshingamateka igizwe n’abashingamateka 577.

Amaze gushikiriza ijambo ryiwe, Mélenchon yaciye atera aja ku kibanza cagutse gusumba, kizwi nka Place de la République, kugira ngo ahimbaze intambwe agezeko ari kumwe n’isinzi ry’abantu 8000, nk’uko igipolisi kibivuga.

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Abanywanyi b’umugambwe Rassemblement National, bari biteze itsinzi mbere yari kuvamwo ubwiganze mu nama nshingamateka, baguye mu gahundwe.

Hari haciye indwi imwe gusa Marine Le Pen na Jordan Bardella ata kindi bavuga atari aya mahirwe yabo bari barindiranye igishika.

Inyuma y’amatora ya mbere yaheruka ku wa 29-30 Ruheshi (6), Marine Le Pen yari yavuze ijambo rikomeye. "Imyaka ibiri iheze, twari dufise abashingamateka indwi bonyene. Uno musi RN iza ubwa mbere mu bitigiri vy’abashingamateka”.

Mu nama nshingamateka yaheruka, bari bafise abashingamateka 88, ariko ubu baronse abarenga 140, rero yari mu kuri. Kandi nta wundi mugambwe ufise abashingamateka barenga ijana, kubera umugambwe wa Macron, Renaissance (RE), hamwe na Front Populaire, iri mu nani.

Jordan Bardella yidoga avuga ko umugambwe wiwe watsinzwe “n’inani z’agasuzuguro” zidasanzwe, zarementanijwe n’“umugambwe umwe rudende” ugizwe n’uruhande rwa Macron n’abo ku ruhande rwa Mélenchon.

Abarenga 200 bariko biyamamaza ku ruhande rw’urunani rw’abaharanira Repubulika “front republican”, barikuye mw’ihiganwa mu matora agira kabiri kugira ngo bahe akaryo umukandida ahagaze neza kuzibira intsinzi ya RN.

Eka na mutoyi wa Marine Le Pen ubwiwe, Marie-Caroline, yatsinzwe mu karere ka Le Mans yiyamamajemwo. Yatsinzwe n’uwiyamamaza ku ruhande rwa Mélenchon, Elise Leboucher, ku majwi 225, inyuma y’uko uwariko yiyamamaza ku ruhande rwa Macron yivaniye mw’ihiganwa.

Mu gihugu cose, umugambwe RN waratsinzwe mu matora ya kabiri wari ukeneye gutsinda kugira ngo uronke ubwiganze.

Bamwe mu biyamamaza muri uno mugambwe ntabwo bavyifashemwo neza.

Ubufaransa bwinjiye mu gihe c’imvururu za poritike bitaboneka ineza ingene buzozivamwo. Vyavugwa ko abanyagihugu bashobora kwihereza amabarabara, ariko ibisagara bike nka Paris, Nantes na Lyon ni vyo vyabayemwo uruhagarara.

Ubu amaso yose ahanze umukuru w’igihugu ategerezwa kurondera ingene igihugu cova muri iki kibazo.

Inama nshingamateka nshasha yiteze gukorana mu misi cumi, ariko inkino za Olempike z’i Paris zitegekanijwe gutangura ku wa 26 Mukakaro (7), Ubufaransa bugashobora kuronka igihe c’agahengwe.

Ikinyamakuru Libération cegamiye uruhande rwa 'gauche' canditse kivuga mu ncamake ivyabaye mw’ijoro mw’ijambo ry’umutwe kiti 'C'est Ouf'. Twogereranya tuti “vyoba n’ivyo”.

Ku Bafaransa ni ihumure kubona abatora bashoboye guhagarika umugambwe RN wariko urondera gushika butegetsi.