Menya ingene BBC igiye gukora mu gushira inguvu mu kwizerwa n'ugukorera ku mugaragaro ku mbuga ngurukana-bumenyi zayo z'amakuru

BBC izwi n'abanywanyi bayo mu gihugu c'u Bwongereza no mu makungu ko itanga amakuru yo kwizera. Urubuga rwacu, Televiziyo eka n'amaradiyo biyigize, bigerageza gushira imbere amakuru agezweho, ataho ahengamiye, yigenga kandi y'ukuri.

Amabanga agize urunani rw'amakuru avuga y'uko: ''Ukwizerwa dufise ku banywanyi bacu tugushira imbere muvyo dukora vyose. Turigenga, ntiduhengama kandi tuvuga ukuri. Twiyemeje gushika ku rugero rwo hejuru rwose rusabwa mu kuvuga ibigezweho, bidahengamye, kandi turihangana mu kwirengagiza n'ibigirankana canke ngo duhende abanywanyi bacu ku nyungu kanaka.

''Icemezo cacu mu kudahengama nico kizigenza c'imigenderanire yacu mu kwizerwa. Muvyo dukora vyose, ntiduhengama ku kintu na kimwe, bikabonekera muvyo dukora vyose kandi dushikiriza. Tuzofata ivyemezo vyose, ku rugero rumwe kandi hagiyemwo ugushishoza''.

Turemera ko kurondera amakuru yizewe ku rubuga ngurukana bumenyi rwa Internet bishobora gutuma ujuragirika. Turazi kandi ko abanywanyi bacu bakeneye gutahura cane ingene umwuga wo kumenyesha amakuru kuri BBC ukorwa.

Ni muri izo ntumbero, urunani rw'amakuru bita BBC News ruriko rukoresha inguvu zishoboka zose mu gusigura ubwoko bw'amakuru musoma canke mukaraba ku mbuga ngurukana bumenyi, abantu hamwe n'iyo amakuru ava, n'ingene ategurwa gushika ashikirizwe mu buryo kanaka. Mu gukora ibi, dufasha mwebwe nyene kumenya ingene mw'ibonera igituma BBC News ishobora kwizerwa.

Turiko turerekana ivyo bimenyetso vy'amakuru y'ukwizigirwa biciye ku ma mashini yogusomerako amakuru. Ibi bisigura ko bishobora gukoreshwa mu gufasha kurondera amasoko y'amakuru iyo ari, biciye ku mbuga ngurukana bumenyi zitandukanye, hamwe n'ubundi buhinga bwo kuyarondera, ukoresheje utujambo ngenderwako.

Uburyo bwiza bwo gukora

BBC ifise kuva kera amabanga ngenderwako aranga ibiganiro vyose vyacu, igakurikiza n'ibisabwa abamenyeshamakuru bacu. Kugira tworohereze abantu babone uburyo amabanga ngenderwako ya BBC ashirwa mu ngiro mu kibanza c'amakuru cacu, twashize ibisata vy'amakuru vyose kuri runo rupapuro.

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Intumbero yacu y'uru rwandiko: Intumbero ya BBC ni ugukora ku neza y'abantu bose, mu gutanga amakuru ku banywanyi bose, ataguhengama, hamwe no gushikiriza amakuru menshi kandi atandukanye yo kumenyesha ivyabaye, kwigisha no guhimiriza abantu. Vyose mushobora kubisanga mu masezerano ya BBC. BBC Charter.

Abatwara BBC, itunganywa ryayo, imfashanyo zayo hamwe y'amahera atangwa na Leta

Dufise ubwigenge kandi nta masezerano ashobora guca kubiri n'ubuntu ngenderwako bwacu twemera. Abanywanyi bacu bashobora kutwizera kubera ingingo dufata zidahagaze ku nyungu za politike, uguhimirizwa kujanye n'urudandazwa canke inyungu z'abantu kanaka. Raba iyo ibikenewe vyose bijanye n'iyo BBC ikura amafranga, haba mu Bwongereza canke mu makungu. Biri ku rubuga rw'amasezerano y'ubwigenge ya BBC, BBC Charter on the independence of the BBC.

Italiki BBC yatanguriyeko: BBC yatanguye italiki 18 z'ukwezi kwa 8 mu 1922. Soma vyinshi ku bijanye na kahise ka BBC, history of the BBC.

Amategeko ndangamutima: Amategeko ngenderwako ya BBC yerekana ingingo kizigenza hamwe n'ibikorwa vyisungwa mu mwuga. Biri aha mu mategeko ngenderwako, BBC's Editorial Guidelines

Iyindi mihora:

Amategeko ajanye n'ubudasa bw'abantu: Ushobora gusanga ivyemezo vy'urunani rwa BBC ku budasa bw'abantu, kuri BBC Charter.

Ivyegeranyo vy'ubudasa bw'abakozi: Ushobora kuraba ingene urunani rwa BBC ruriko rurongereza ubudasa bw'abantu mu vyegeranyo vy'amakuru yo kunganisha, BBC's Equality Information Report..

Ugukosora: BBC yiyemeje gushika mu bigezweho raba aha committed to achieving due accuracy. Amategeko ajanye no gukosora ashobora gusangwa mu duce dukurikira turanga amategeko ngenderwako.

Amakuru abonetse ategerezwa kuba azwi neza iyo yavuye, ahagaze ku vyemezo, yitondewe cane kandi avugwa mu majambo yumvikana kandi atomoye. Dutegerezwa kuvugisha ukuri iyo hagize ivyo tudatahura, kandi tukaja kure y'ivyo twasanze bidasigurika. Ivyemezo, ivyagirizi hamwe n'ibindi bintu bijanye mu bisanzwe vyitirirwa umuntu. Mwobisanga aha, well sourced, based on sound evidence, thoroughly tested and presented in clear, precise language

Turashima kwemera ko twakoze amakosa igihe vyabaye kandi turashima ko uba umugenzo mwiza wo kutwigishirizako. Raba, open in acknowledging mistakes

Iyo inkuru yafuswe mu ntumero yo gukosora ikosa ryabaye riteye kubiri n'ibigezweho, haraba icandiko congerwa ku mpera y'igisomwa yo kumenyesha abasomyi ko hari ivyahinduwe canke, no kwandika igihe ayo makosa yahinduwe. Bishitse ikosa rikaba ari ritoya cane, ntirihindure insiguro ( akarorero izina ririmwo ugusimba urudome) birakosorwa ariko ntakindi kintu wandika impande.

Kiretse iyo nkuru ibaye ikenewe cane mu gihe kanaka, hari ukwihenda gutuma inkuru yasohotse ku rubuga ngurukana bumenyi, iguma iboneka mu bubiko, bigatuma idakurwa burundu ku rubuga ngurukana bumenyi.

Imvo zidasanzwe zishobora gutumwa n'amategeko, amakenga y'abantu, hamwe n'ukurenga ku mategeko agenga uburyo bwo gukora amakuru buba budahinduka kiretse hakuweho imashini zakoreshejwe mu kuyandika. Mubisanga muri, presumption that material published online will become part of a permanently accessible archive

Iyindi mihora yo gusoma:

Amategeko ngenderwako y'ikoreshwa ry'amafranga, bita Editorial Guidelines on Accountability

Amategeko ngenderwako yo gukura ibiri ku mbuga ngurukana bumenyi, Editorial Guidelines on Removal of Online Content.

Gusuzuma/Ivyemezo ngenderwako mu gusuzuma: Ibigezweho hamwe n'amategeko yo gusubiramwo bisangwa mu mategeko ngenderwako agenga ibigezweho, biri muri outlined in the Editorial Guidelines on Accuracy.

Amakuru atavugwa iyo ava: Amategeko ya BBC hamwe n'ingene akora mu kunyegeza iyo amakuru yavuye biri mu mategeko ngenderwako, bita Editorial Guidelines.

Iyindi mihora:

Gusubiza abagize ico bavuga: Ingene kuburanya BBC bigenda mubisanga ku rubuga BBC Complaints Framework.

Ubuyobozi: Kubonana n'umunyamabaganga mukuru w'umugwi ayobora urwego rw'amakuru, raba kuri BBC News Board.

Ubuhinga mu kumenyeshamakuru

Urunani rw'amakuru, BBC News, ruhagaze ku makuru y'akanovera kaboneka, umurongo ku wundi mu nkuru (izina ry'umumenyashamakuru), kandi kenshi yandikwa n'umumenyeshamakuru afise ubuhinga mu kintu kanaka.

Amakuru asanzwe agerageza gukoresha inkuru zitangwa n'abantu batandukanye, harimwo n'ibimenyeshamakuru, urunani rwa BBC rwegeranya amakuru ava hirya no hino hamwe n'abandi bamenyesha makuru ba BBC bayarondera, canke akaba yarondewe n'abakozi benshi, ku musi ntajako izina ry'umuntu.

Ubwoko bw'ibikorwa

Urunani rwa BBC bita BBC News ruratandukanya amakuru agizwe n'ivyabaye hamwe n'iciyumviro. Dukoresha ibice 6 vyo gusoma amakuru.

  • Amakuru - Ni amakuru ahagaze ku vyemezo, yibonekeza canke umunyamakuru yiboneye wenyene, yiboneye agasuzuma akoresheje abantu babizi yabajije.
  • Umwihwezo: Ukorwa n'umuhinga abifisemwo ubumenyi, ashobora kuba umwanditsi, umumenyashamakuru canke uwundi muhinga akeneye gufasha mu gusigura ibintu birimwo bigoye gutahura kandi bigezweho.
  • Guha ijambo abanywanyi - ivyiyumviro bitangwa mu ntumbero yo kumenya ivyiyumviro vy'abanywanyi.
  • Uwusigura - Inkuru zitanga insiguro z'ikintu canke icinyegeje inyuma y'inkuru kanaka
  • Iciyumviro - BBC news ahayo ntigira aho ihengamiye kandi ntitanga iciyumviro cayo ariko rimwe na rimwe turashira ku mugaragaro ivyiyumviro vy'abantu bamwe bamwe nk'abahinga, uguhanura uciye ku vyiyumviro canke gushika ku ncamake y'ukuntu umwanditsi asigura ibintu ahagaze kuvyo yanditse akoresheje ivyemezo.
  • Incamake y'amakuru - ni amakuru ahagaze ku myidogo yabaye ku birori canke igikorwa, harimwo iciyumviro c'uwabibonye ubwambere.

Iyo vyavuye be n'amajambo

Amakuru yacu, kugira abe yikwiye kuco avugako n'intumbero yaco, ashobora kuba atangwa n'uwayabonye, akoresheje ivyemezo biboneka, akoresheje amajambo yumvikana kandi atahurika. Tugerageza kuvuga ukuri kandi ntiduhishe kumenyesha ico tutazi mu ntumbero yo kwanka ko bagira ingene babisigura ukundi.

Ahantu BBC News yishimikiza isoko y'inkuru imwe mu kuyikora, tuzogerageza tube twizeye iryo soko, aho bishoboka. Akenshi dukoresha amakuru y'abayobozi, arimwo ibiharuro hamwe n'ayandi masoko y'inkuru, mu kubafasha kwihweza no mu gutahura inkuru dukorako.

Igihe cose bishoboka, turerekana imihora y'ibibuga ngurukana bumenyi nk'amasoko ashika 3 atanga ayandi makuru, amasoko mashasha yayo, hamwe n'ivyiyumviro vy'ababizi.

Uburyo bwo kubikora

Mu ntumbero yo kwegeranya ibigize igikorwa, nko ku matohoza agoye canke imigambi ijanye no kumenyesha amakuru, tuzobafasha gutahura igikorwa cacu, mu kwerekana uburyo bwo kubikora canke ubundi buhinga twakoresheje - akarorero ni nk'icigwa cerekana urugero rwakoreshejwe, ibitigiri vyakoreshejwe mu cigwa, udukosa duto duto twirengagijwe n'urugero rwatwo, n'ukuntu ibigize icigwa vyaharuwe, ibibanza cabereyemwo, hamwe n'umwanya vyabaye.