Indishi ku mupfakazi w'umumenyeshamakuru w'umunya-Pakistan yishwe n'igiporisi ca Kenya

Arshad Sharif muri Ruheshi mu 2022.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Arshad Sharif yari umumenyeshamakuru akomeye ku mboneshakure no mu gukora inkuru z'amatohoza
  • Umwanditsi, Natasha Booty na Ruth Nesoba
  • Igikorwa, BBC News, London & Nairobi

Sentare muri Kenya yageneye miriyoni 10 z'amahiringi yo muri Kenya ( arenga miriyoni 220 mu marundi ku rugero rwo muri banki) nk'indishi y'akababaro y'umupfakazi w'umumenyeshamakuru rurangiranwa w'umunya-Pakistan yarashwe arapfa m'igiporisi kuri bariyeri yo muri Kenya haraheze hafi imyaka ibiri.

Arshad Sharif yari azwi cane mu gusigura ibiriko biraba kuri television akananegura cane ubutegetsi bwa gisirikare n'ibiturire muri portike muri Pakistan.

Uwo mugabo w'abana batanu yari yaronse ubutumwa bw'iterabwoba ryo kwicwa arabushikiriza umucamanaza mukuru wa Pakistan imbere y'uko ahunga igihugu ngo aje kurondera umutekano mu mahanga.

Urupfu rwa Sharif haheze amezi abiri mu gisagara ca Kajiado aho yiciwe n'igiporisi rwarashegeshe abantu, hanyuma ingene abategetsi batihuse kugira ico barukozeko vyatumye ONU inegura abategetsi ba Kenya na Pakistan.

'Kwiruhutsa kuri jewe n'umuryango'

Igiporisi ca Kenya cari casiguye ko habaye ukwihenda ku mw'idondoro ariko umugore wa Sharif, Javeria Siddique, avuga ko yishwe n'ababitumwe kw'izina ry'umuntu atavuzwe izina wo muri Pakistan,

Ku wa mbere, sentare nkuru ka Kajiado yaciye urubanza ko abategetsi ba Kenya bakoze mu buryo buciye kubiri n'amategeko bongera barahonyanga uburengenzira bwo kubaho bwa Sharif. Yaciye iha umugore wiwe Saddique indishi y'akababaro hongeyeko inyungu gushika arishwe ayo mafaranga yose.

''Gutakaza ubuzima ntibishobora kwishurwa mu mafaranga, ni co kimwe n'umubabaro n'amarushwa umuryango utegerezwa kuba waraciyemwo. Ariko hari ukwemeranya ko indishi y'akababaro ari umuti ubereye nk'inyishu kw'ihonyangwa ry'uburengnzira bwa muntu, '' vyavuzwe n'umucamnanza Stella Mutuku igihe yariko arasoma urubanza rwaciwe.

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Umucamanza yanzuye kandi ko umuyobozi w'ubushikirizamanza n'urwego rwigenga rucungera ingene inzego z'ubucamanza zikora bahonyanze uburenganzira bwa Sharif mu kuba batashengeje muri sentare abaporisi babiri bagize uruhara. Sentare yategetse izo nzego zibiri kurangiza amatohoza hanyuma buguruze urubanza kuri abo baporisi.

Umushingwamanza yunganira umugore wa Sharif , Ochiel Dudley, yavuze ko ''iyo ari intsinzi ku muryango n'intsinzi ku banya-Kenya mu kurondera ku abaporisi babazwa ivyo baba bakoze''.

Umupfakazi wa Sharif, Siddique, yashimiye ubucamanza bwa Kenya ariko avuga ko igikorwa cabwo n'ubu kitararangira.

''Uru rubanza rwaciwe rutumye jewe n'umuryango wanje twiruhutsa, ariko sinzotezura mu kurondera ubutungane bwuzuye ku mugabo wanje,'' niko yavuze.

Co kimwe n'umuhisi umugabo wiwe, Saddique nawe ni umumenyeshamakuru, akaba yashingishije urubanza hamwe n'iamashirahamwe ry'abamenyeshamakuru abiri yo muri Kenya (Kenya Union of Journalists na Kenya Correspondents Association) mu kwezi kw'icumi guheze.

We n'abo bafatanije barondera ko haba umuco, gusaba imbabazi, n'uko abagize uruhara babibazwa, ivyo bakaba babisaba abategetsi ba Kenya ku co bise ''igandagurwa rigambiriwe rya Sharif''.

Yabwiye BBC ko adashobora kuronka ubutungane ku mugabo wiwe muri Pakistan, ariko ko azobandanya guharanira gukingira abamenyeshamakuru kandi ko azorondera ubufasha bwa ONU n'ishitahamwe ryo gukingira abamemyeshamakuru,CPJ (Committee to Protect Journalists).

Amaziko ya Arshad Sharif Islamabad, Pakistan.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abantu ibihumbi biratavye gusezera Arshad Sharif i Islamabad , Pakistan haraheze imyaka ibiri