Imvo n'Imvano ku kibazo co gufatwa ku nguvu ku bana b'abahungu mu Burundi

Insiguro y'amajwi, Burundi: Imvo n'Imvano ku kibazo co gufatwa ku nguvu ku bana b'abahungu
Imvo n'Imvano ku kibazo co gufatwa ku nguvu ku bana b'abahungu mu Burundi

Ndabaramukije nongera ndabaha n’ikaze muri iki kiganiro c’Imvo n’Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 6 ukwezi kw'indwi umwaka wa 2024.

Mu kiganiro c’uyu musi, turabira hamwe ikibazo co gufatwa ku nguvu ku bana b’abahungu.

Iyo havuzwe gufata ku nguvu, kenshi na kenshi abantu bahita biyumvira abana b’abigeme, ariko n’aho bitavugwa cane, n’abana b’abahungu birabashikira.

Nta biharuro ntabanduka vy’abana b’abahungu bafatwa ku nguvu mu Burundi bihari, ariko amashirahamwe agwanya ako kabi aremeza ko ako kabi kabishe gahari, kandi ko hariho abatanguye kuza barubahuka kubivuga kugira batabarwe.

Muri kino kiganiro rero turarabira hamwe uko ico kibazo cifashe mu Burundi, ingene bimenyekanye abo bana b’abahungu bafashwa, uruhara rw’abavyeyi n’imiryango mu kuzitira bataronerwa, hamwe n’ico abafashwe ku nguvu bahamagarirwa gukora igihe bibashikiye.

Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi mugiye kugishikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.