Imvo n'Imvano irasesengura imyaka ine Prezida Ndayishimiye amaze ku butegetsi

Insiguro y'amajwi, Imvo n'Imvano irasesengura imyaka ine Prezida Ndayishimiye amaze ku butegetsi
Imvo n'Imvano irasesengura imyaka ine Prezida Ndayishimiye amaze ku butegetsi

Ndabaramukije nongera ndabaha n’ikaze mu kiganiro c’Imvo n’Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 22 ukwezi kwa gatandatu mu 2024.

Kuri uyu wa kabiri itariki 18, ni ho Prezida Evariste Ndayishimiye w’Uburundi yakwiza imyaka ine ari ku butegetsi. Mu mvo n’imvano y’uyu musi turabira hamwe ivyaranze iyo myaka.

Mw’ijambo ryiwe, Prezida Ndayishimiye yavuze imigambi yishinze y’uko umunwa wose uronka ico urya, umufuko wose ukaronka amahera, ariko arabishikako.

Avuga kandi ko ku ntwaro yiwe ubu umurundi wese ashikiriza ico yiyumvira, kandi ko n’uwufise akamubakiye ashobora kumwihamagarira akabimubwira.

Ariko abanegura ubutegetsi bwiwe bo bavuga ko ubukene buzura inzara.

Ikigaragara n’uko iyi myaka irangiye hari ikibazo co kwiyunguruza kubera ibura ry’ibitoro, ifaranga ry’Uburundi na ryo rirata agaciro ku rugero runini. Ivyo bikaba vyatumye n’ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa biduga cane.

Ibi ariko Prezida Ndayishimiye avuga ko bizotora inyishu aravye iyo igihugu kivuye, aho umwitwarariko wahora ari uwo kuramuka.

Ukuri kuri hehe? Ni vyo koko abarundi bararya bagahaga, n’imifuko yabo irimwo amahera? Canke barakenye nk’uko abatavuga rumwe na reta hamwe n’amashirahamwe yigenga babivuga.

Muri kino kiganiro tugiye kuba hamwe n’uwurongoye ishirahamwe PARCEM, Faustin Ndikumana, turi kumwe kandi na François-Xavier Ndaruzaniye, arongoye Ligue IZERE Ntiwihebure, na Francis Rohero, umukuru w'umugambwe FPI (Fraternité des Patriotes-Ineza), hamwe rero na Gérard Hakizimana, arongoye ishirahamwe FOLUCON ryishinze kugwanya ikimenyane na kamwana wa mama mu Burundi.

Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi mugiye kugishikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.