Uhora ugira ibibazo vyo kuja ku rubuga rwa BBC Gahuza? Ubu ni uburyo wokoresha

Uburyo bwa Tor

Birashika abantu mu bihugu bimwe bimwe canke uturere bakagira ibibazo vyo kuja ku mbuga za BBC ahanini bitewe n'uko haba hari abazizibiye, ariko hariho uburyo bwo gukemura ico kibazo.

Uburyo tuguhanura gukoresha kugira uje ku rubuga rwa BBC rwazibiwe aho uherereye ni uburwo bwo kuja kuri internet (browser) bwitwa Tor.

Uku niko woronka uburyo Tor Browser kuri telefone yawe canke computer

Kugira uje ku mbuga internet za BBC utazibiwe canke ngo hagire ivyo baguhisha, ku muhora wa Tor Network, tugusavye gukurikiza izi ntambwe:

1. Ja aho upakurura Tor, kuri Tor Project Downloads page (https://www.torproject.org/download) upakurure Tor Browser, iboneka ku bakoresha Windows, Mac computers hamwe na telefone za Android (Samsung, Xperia, Huawei, Lenovo...)

2. Usanze Tor Project izibiye, rungika ubutumwa bwa email ukoresheje telefone canke cumputer yawe kuri iyi aderese gettor@torproject.org, ushire mw'ijambo ry'umutwe uburyo ukoresha (akarorero Windows, MacOS canke Android). Uca uronka email irungitswe na Tor Project hamwe n'umuhora ucako kugira upakurure. Flonda kuri uwo murongo uce ushiramwo uburyo bwa Tor Browser.

3. Umaze kubushiramwo, tanguza Tor Browser mu gufyonda ku kamenyetso kayo. Uyitanguje ubwa mbere, uraca ubona aka kadirisha kaje:

Tor Browser

4. Fyonda kuri "Connect". Tor Broser ica ija ku muhora (network) wa Tor. Umaze kujako neza, utegerezwa guca ubona uru rupapuro:

Tor Browser

5. Ushobora rero gukoresha uburyo bwa Tor nk'ubundi buryo (browser) ubwo ari bwo bwose mu kuja ku mbuga za BBC News. Koporora wongere womekemwo umurungo w'uru rubuga (link): https://www.bbcnewsv2vjtpsuy.onion/gahuza

6. Niwaba uba mu gihugu kizibira Tor, canke vyanse ko uja ku murongo neza, subiramwe intambwe ya 3, uce ufyonda "Configure". Uraca ubona aka kadirisha:

Tor Browser

7. Emeza kuri "Tor is censored in my country". Hanyuma ufyonde kuri "Select a built-in bridge". Mu rutonde ruca rwiyerekana, hitamwo uburyo ubwo ari bwo bwose muri ubu bubiri: "Obfs4" canke "meek-azure". Niwaba uri mu Bushinwa, hitamwe "meek-azure"

Tor Browser

8. Ni ivyo. Ubu washitse ku muhora Tor Network aho ushobora kuja ku mbuga za BBC News mu mutekano kandi atavyo ukumiriweko. Koporora wongere uhomekeko uyu muhora (link): https://www.bbcnewsv2vjtpsuy.onion/gahuza kugira utangure!