RD Congo: Abasirikare 25 baciriwe urwo gupfa ku caha co 'guhunga umwansi'

Umusirikare

Ahavuye isanamu, UN

Abasirikare 25 harimwo n’intwazangabo zibiri z’ipeti rya kapiteni, baraye baciriwe urwo gupfa kubera “guhunga umwansi” mu gihe c’intambara hagati y’igisirikare c’igihugu n’umuhari w’inyeshamba wa M23, nk’uko bivugwa n’abashingwamanza babo.

Abarengukishijwe imbere ya sentare ya gisirikare ya Butembo mu ntara ya Kivu ya Ruguru mu ntahe y’ejo ku wa gatatu bose hamwe bari 31, harimwo abasirikare 27 n’abasivire bane, aba bakaba ari abagore ba bane muri aba basirikare. Bobo bambitswe izera.

Jules Muvweko, umwe mu bashingwamanza, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ko aba basirikare bagirijwe ivyaha bitandukanye, harimwo “guhunga umwansi”, guta ibirwanisho, guhonyanga amategeko no kwiba.

Muvweko avuga ko bazokwunguruza urubanza.

Mu mpera z’indwi iheze, umuhari M23 warasatiriye ingabo za DR Congo maze wigarurira ibisagara bitari bike harimwo igisagara ca Kanyabayonga gifatwa nk’inzira ijana mu bindi bisagara bikomeye vya Butembo na Beni mu buraruko.

Kuva uno muhari usubiye gutangura intambara mu mpera za 2021, uramaze kwigarurira uturere tutari duke tuzungurutse igisagara ca Goma, umugwa mukuru w’intara ya Kivu ya Ruguru, mu materitware ya Rutshuru na Masisi, ubu ukaba waguye akarere, aho ugeze muri teritware ya Lubero.

Reta ya DR Congo yagiriza Urwanda ko ari rwo rufasha M23 mu kuyiha uburyo n’abarwanyi, ivyo reta y’iki gihugu ibandanya yamirira kure.

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Ni mu gihe Urwanda na rwo rwagiriza igisirikare ca reta ya Congo ko gikorana n’inyeshamba z’umuhari FDLR urwanya reta yarwo, ivyo DRC ivuga ko ari ivyitwazo kugira ngo rubandanye ruteza umudugararo mu gihugu.

Utwigoro tw’amahoro duhagarariwe n’akarere biciye mu masezerano ya Luanda na Nairobi, ntaco turashikako gushika ubu.

Muri iki gihe, aka karere k’ubuseruko bwa DR Congo kuzuye ubutare butandukanye kakaba kamaze imyaka yababa 30 mu ntambara, gaharurwamwo imirwi y’inyeshamba irenga 100.

Umuhari M23 washinzwe mu 2012 ariko ubu ukaba wegukira urunani AFC, ni wo ugeramiye reta gusumba iyindi, inyuma y'uko uvyuriye intambara kuva mu mpera ya 2021.