Girmay: Umunya-Africa wa mbere w'umwirabure atsinze agace ka Tour de France

Biniam Girmay atsinze intambwe igira gatatu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Biniam Girmay yaranatsinze agace mw'isiganwa rya Giro d'Italia mu 2022
  • Umwanditsi, Steven Sutcliffe
  • Igikorwa, Umumenyeshamakuru w'ink'inkino kuri BBC

Biniam Girmay yanditse amateka mu kuba umunya-Afrika wa mbere w'umwirabure atsinze agace ka Tour de France mu gihe Mark Cavendish yafatiriwe no kugwa ari hafi yo kurangiza agace ko gushika Turin.

Mu muvuduko wo gushika, Girmay wo muri Eritrea yarakanyaze ikinga ryiwe ashika ku ntsinzi, Fernando Gaviria wo muri Colombia aba uwa kabiri nawe Arnaud Lie wo mu Bubirigi aba uwa gatatu.

Imbere y'uko ihiganwa ritangura nta kindi cavugwa atari ukwibaza niba Cavendish azoshobora gutsinda ubugira 35 yikurikiranya mu duce. Ariko gutemba hasigaye ibirometero 2 ngo arangize ako gace ka 230,8km kuva Piacenza katumye abatari bake - barimwo na Manxman - batakaza ibibanza barimwo.

Hagati aho, Richard Carapaz yabaye umunya-Equateur wa mbere mu kwambara agapira k'umuhondo (maillot jaune/yellow jersey) hafatiwe hamwe ibibanza vyo kurangiza ku duce dutatu twa mbere, nabo Tadej Pogacar, Remco Evenepoel na Jonas Vingegaard nabo nyene baza ku mwanya umwe n'uwo ahiganwa kw'izina rya EF Education-EasyPost ku rutonde rwo muri rusangi.

Mu bigumbagumba ashitse ku murongo wo kurangiza, Girmay, w'imyaka 24 - yanatsinze ubwa mbere agace ka bene iryo higanwa muri Giro d'Italia mu 2022 - yaravuze ingene iyo ntsinzi yiwe ihambaye cane.

''Ndashimira Imana kuri vyose, kuba yampaye inguvu no kunshigikira,'' niko Girmay yavuze.

''Kuva ntanguye kwiruka n'ikinga sinari narigeze ndota ko umunsi umwe nzoja muri Tour de France none n'ubu sindabitahura. Nashaka gushimira umuryango wanje, umugore wanje, Eritrea na Afrika.

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

''Dutegerezwa kuvyishimira. Ubu tugiye mu gihari c'amahiganwa akomeye kandi duteye intambwe. Ubu ni igihe cacu, ubu ni umwanya wacu. Iyi [ntsinzi] ni iya Afrika yose''.

Cavendish n'abo bari mu mugwi umwe wa Astana-Qazaqstan bari mu ruhande rwiza rw'ibarabara igihe abahiganwa bariko barisuganya ngo bafate ibibanza vyiza mu mwiteguro wo kurangiza agace, hanyuma uwo mugabo w'imyaka 39 avuga ko yanezerejwe no gushika adakomeretse canke atavunitse, inyuma yo kugwa akava mw'ihiganwa haraheze amezi 12 aho yaviriyemwo ku gace ka munani.

''Hari icagomba kuba,'' niko Cavendish yavuze. ''Waravyumva ariko ntumenye hehe canke ryari. Narumva ko hari icabaye imbere, Urumva uca ufata ifire, ukanyerera hanyuma ukarindira ko hari uwuguseka avuye inyuma.

''Imana ishimwe ntaco twabaye kandi nibaza ko ata n'umwe yababaye cane. Ariko ntuba wifuza ko hari n'umwe yotemba ariko sinibaza ko hari n'umwe yababaye cane, kandi iyo n'inkuru nziza cane. Ntitwavudutse imbere yo gushika, ariko twese turi amahoro kandi ico ni co gihambaye,''

Kuri uyu wa kabiri, isiganwa ryabandanirije muri Les Alpes mu gihe Tour yinjiye mu gace gakomeye ka Col du Galibier ka 139,6km mu misozi kuva Pinerolo gushika Valloire.

Ingene barushanijwe ku gace ga gatatu

1. Biniam Girmay (Eri/Intermarche-Wanty) 5hrs 26mins 48secs

2. Fernando Gaviria (Col/Movistar) uwo mwanya nyene

3. Arnaud de Lie (Bel/Lotto Dstny) "

4. Mads Pedersen (Den/Lidl-Trek) "

5. Dylan Groenewegen (Ned/Jayco-AlUla) "

6. Phil Bauhaus (Ger/Bahrain Victorious) "

7. Fabio Jakobsen (Ned/DSM-firmenich-PostNL) "

8. Davide Ballerini (ITA/Astana-Qazaqstan) "

9. Sam Bennett (Ire/Decathlon-AG2R La Mondiale) "

10. Bryan Coquard (Fra/Cofidis) "

Urutonde rwa rusangi ku duce dutatu

1. Richard Carapaz (Ecu/EF Education-EasyPost) 15hrs 20mins 18secs

2. Tadej Pogacar (Slo/UAE Team Emirates) uwo mwanya nyene

3. Remco Evenepoel (Bel/Soudal-Quick-Step) "

4. Jonas Vingegaard (Den/Visma-Lease a Bike) "

5. Romain Bardet (Fra/DSM-firmenich PostNL) +6secs

6. Pello Bilbao (Spa/Bahrain Victorious) +21secs

7. Guillaume Martin (Fra/Cofidis) Uwo mwanya nyene

8. Egan Bernal (Col/Ineos Grenadiers) "

9. Jai Hindley (Aus/Red Bull Bora-Hansgrohe) "

10. Aleksandr Vlasov (Rus/Red Bull Bora-Hansgrohe) "