Football: Barcelona iripfuza Julian Alvarez wa Manchester City - amwe mu yavugwa kuri uno wa kane

Alexander Isak

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Alexander Isak

Chelsea iriko irondera amakuru ajanye n'umusatirizi wa Newcastle umunya-Suwede Alexander Isak w'imyaka 24 ariko mu gihe yomukenera yotegerezwa kumutangako imiriyoni zirenga 115 z'amapawundi. (Mail)

Newcastle iriko yijijanya imitima ku bijanye no kugurisha Isak, ahubwo ikaba ibona ko yopfuma iheba Callum Wilson, mu gihe hari imirwi yo mu Bwongereza, mu Budagi, na Arabia Sawudite yipfuza uno musatirizi w'Umwongereza w'imyaka 33. (Teamtalk)

Bayern Munich iriteguye kuja mu ruhigi rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Everton Umubirigi Amadou Onana w'imyaka 22 inyuma y'aho iheburijwe mu rugamba rwayo rwo kurondera umunya-Portugal akina hagati Joao Palhinha w'imyaka 28 asanzwe akinira Fulham. (Liverpool Echo)

Barcelona iripfuza umusatirizi wa Manchester City umunya-Argentina Julian Alvarez w'imyaka 24. (Sport - mu ki-espagnol)

Ikigega nshoramitahe ca reta c'igihugu ca Arabia Sawudite (Public Investment Fund), gisanzwe gifise mu minwe imirwi ine yo mw'ihiganwa ry'iki gihugu, Saudi Pro League, cavuganye n'umukinyi wo hagati wa Arsenal umunya-Ghana Thomas Partey w'imyaka 31. (Caught Offside)

Atalanta ivuga ko ishobora guha umurwi Everton imiriyoni 10 z'amapawundi kugira ngo uyihe umukinyi w'inyuma wayo, Umwongereza Ben Godfrey w'imyaka 26, mu gihe hari umurwi utavuzwe izina wowo uvuga ko witeguye kumutangako imiriyoni 15 z'amapawundi. (Athletic)

Julian Alvarez

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Julian Alvarez

Everton iri hafi yo kuronka umukinyi wo hagati wa Nigeria Wilfried Ndidi w'imyaka 27 kuri gusa igihe amasezerano afitaniye na Leicester azoba arangiye mu ndwi iza. (Football Insider)

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Umusatirizi wa Newcastle, umunya-Gambia Yankuba Minteh w'imyaka 19 yanse kwimukira mu murwi Lyon wo mu Bufaransa nubwo wemera ko ushobora kumutangako imiriyoni 40 z'amapawundi . (Sun)

Brighton iripfuza umukinyi wo hagati wa Inter Miami umunya-Paraguay Diego Gomez w'imyaka 21. (Talksport)

Crystal Palace iriko iratunganya amasezerano yo kugura umukinyi wo hagati wa Sunderland Umwongereza Jobe Bellingham w'imyaka 18. (Fabrizio Romano)

Ipswich iri mu biganiro na Hull City mu ntumbero yo gushika ku masezerano ku mukinyi w'inyuma Umwongereza Jacob Greaves w'imyaka 23. (Athletic )

Umurwi Al-Hilal wo muri Arabia Sawudite uriko urarondera umukinyi wo ku ruhande wa Manchester United Alejandro Garnacho w'imyaka 19, muri kino gihe akaba ari mw'ihiganwa ry'igikombe ca Amerika, Copa America, mu murwi nserukiragihugu wa Argentina. (Express)

Arsenal iriteguye gukura akarenge mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Stuttgart umunya-Guinea Serhou Guirassy w'imyaka 28 kuko wewe yipfuza ahubwo kwimukira muri Borussia Dortmund. (Metro)

Rwanda: Igikombe c’isi c’abakukuruke ntikizoba

Igikombe c’isi c’abakinyi b’abakukuruke cari gitegekanijwe kubera mu Rwanda muri Nyakanga (9) ntikizoba kuko reta y’Urwanda yahagaritse amasezerano yari ifitanye n’ikigo EasyGroup EXP gitegura iri higanwa, nk’uko itangazo ry’uruhande rw’Urwanda ribivuga. Abakinyi bahoze ari ivyamamare kw’isi nka Ronaldinho, Michael Owen, George Weah bari bitezwe kuzoza gukina muri iryo higanwa.