Cameroun: Umukobwa wa Perezida Biya yerekanye ko ashobora kuba ari umutinganyi

Brenda Biya asomana n'umunyamiderikazi Layyons Valença

Ahavuye isanamu, Brenda Biya/Instagram

Insiguro y'isanamu, Brenda Biya amaze hafi igihe cose c'ubuzima bwiwe hanze ya Kameruni, iyi sanamu imwerekana asomana n'umunyamiderikazi Layyons Valença
  • Umwanditsi, Paul Njie
  • Igikorwa, BBC News, Yaoundé

Umukobwa w'umukuru w'igihugu ca Kameruni (Cameroun/Cameroon) yasohoye isanamu ariko asoma uwundi mugore, ivyatumye abatari bake bashikiriza ivyiyumviro bitandukanye mu gihugu aho ubutinganyi (imigenderanire mpuzabitsina hagati y'abafise ibisa) buhanwa n'amategeko.

Ubu butumwa yacishije ku rubuga rwa Instagram bwerekana Brenda Biya w'imyaka 26 ariko asoma umunyamiderikazi wo muri Brezili Layyons Valença.

Brenda Biya yanditse ati: "Naragupfiriye kandi ndashaka ko isi yose ibimenya". Yaciye ashirako n'akamenyetso k'umutima kagaragaza urukundo.

Se wiwe, Perezida Paul Biya w'imyaka 91, arongoye Kameruni kuva mu 1982, ni umwe mu bakuru b'ibihugu bamaze igihe kirekire ku butegetsi muri Afrika.

Abafashwe bari mu mibonano mpuzabitsina n'abagabo canke abagore nka bo muri iki gihugu co muri Afrika yo hagati bashobora gupfungwa gushika ku myaka itanu.

Brenda Biya - umunyamuziki asanzwe aba hanze akaba azwi ku ritazirano rya King Nasty - ntiyavuze yeruye ibijanye n'imibonano mpuzabitsina (sexualité) yiwe igihe yashira ku rubuga hwaniro iyi sanamu yo gusomana.

Hagati aho, inyuma y'akanya ayisohoye, Brenda Biya yerekanye inkuru y'ikinyamakuru co mu Bufaransa Le Monde, aho kivuga ko "yavuze yeruye ko ari umutinganyi".

Yerekanye kandi ubundi butumwa bw'abantu bandika bavuga ko bamufashe mu mugongo.

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Shakiro, Umunyakamerunikazi aharanira uburenganzira bw'abemera igitsina gitandukanye n'ico bavukanye (transgender/transgenre), ni umwe muri aba bantu bashimagiza Brenda Biya, aho avuga ko ubu butumwa bwiwe kuri Instagram bushobora kuba "igihe gikomeye ku muryango w'abatinganyi muri Kameruni".

Shakiro avuga ko uno mukobwa wa Perezida Biya "ubu yiyerekanye nk'ijwi ry'impinduka y'imibereho mu gihugu aho imiziro ishinze imizi cane".

Muri kino gihe, Shakiro aba mu Bubirigi. Ni yo yahungiye inyuma yo kwagirwa n'icaha co "kugerageza guhuza igitsina n'uwo bagisangiye" muri Kameruni.

Nubwo bamwe bamushimagiza, abatari bake mu bakoresha imbuga hwaniro muri Kameruni bishuye ku butumwa bw'uno mukobwa w'umukuru w'igihugu n'amajambo y'urwanko ku batinganyi.

Hari bamwe bibaza nimba Brenda Biya atoba yerekanye iyi sanamu kugira ngo abavuga bavuge, mu gihe asanzwe azwi ko acisha ubutumwa ku mbuga hwaniro buteza impari mu Banyakameruni.

Hari kandi n'abibaza nimba kwemera ku mugaragaro ko umuntu ari umutinganyi atari amahirwe ahabwa akarwi k'abantu bakeya batoranijwe mu gihugu.

Bandy Kiki aharanira agateka k'abatinganyi, yanditse kuri Facebook avuga ati: “Ndakunze iki kintu c'umukobwa wa Perezida wa Kameruni.

"Icakora, kirerekana ukuri gukomeye: Amategeko arwanya ubutinganyi muri Kameruni yizizira abakene. Amatungo n'ikimenyane bikingira ikibaba bamwe, mu gihe abandi bahura n'ibibazo bikomeye."

Imbere y'aha, amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu yaranebaguye amategeko ruhasha ya Kameruni arwanya abari mu muryango w'abatinganyi.

Mu 2022, ishirahamwe Human Rights Watch ryasavye Kameruni "gufata ingingo yihuta yo guhindura iri tegeko rivangura, uburenganzira bwa muntu ku Banyakameruni bose, ata kuraba ibijanye n'imibonano mpuzabitsina y'umuntu, indangagitsina y'umuntu canke igitsina c'umuntu, bwubahirizwe".

Umushingwamanza Alice Nkom, umunyamategeko azwi cane mu guharanira uburenganzira bwa muntu arwanira abatinganyi muri Kameruni, avuga ko Brenda Biya ari "icitegererezo c'ubutwari" kandi ko "arungitse ubutumwa bukomeye bw'urukundo".

Ibinyamakuru hafi vyose vyo muri Kameruni ntaco bitangaza kuri iyi sanamu iherutse gusohorwa n'uno mukobwa w'umukuru w'iki gihugu. Urwego rugenzura ibinyamakuru ruzwi ko ruhana ibinyamakuru bishira ahabona ubutinganyi.

Reta - hamwe na Perezida ubwiwe - na bo nyene ntaco barashikiriza ku mugaragaro kuri iyi nkuru.

BBC yasavye Brenda Biya kugira ico abivuzeko ariko gushika ubu ntirashobora kuronka inyishu.