Aba-Democrats bariko biga ico bohomba canke bokwunguka mu gihe boheba Biden

Impungenge ku bushobozi bwa Biden bwo kwitoza zisa n'iziriko riakwirgira mu ba  Democrats

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Impungenge ku bushobozi bwa Biden bwo kwitoza zisa n'iziriko riakwirgira mu ba Democrats
  • Umwanditsi, Holly Honderich
  • Igikorwa, BBC News, Washington

Ejo ku wa Mungu, Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yiriwe arondera ingene yovyura urugamba rwiwe rwo kwitoreza ikiringo ca kabiri, mu gihe abanywanyi biwe bariko biga kazoza k'imyiyamamazo yiwe.

Ukwitwara nabi mu kiganiro mpari giheruka aho yari ahanganye n'umukeba wiwe, Umurepubulikani Donald Trump kwateje amakenga menshi ku bijanye n'ubushobozi bwiwe bwo gushobora guserukira umugambwe wiwe.

Ikiganiro yagiranye n'imboneshakure ku mugoroba wo ku wa gatanu cateje izindi mpungenge ku bijanye n'imyiyamamazo yiwe yimirije.

Mu gihe iki gipfungu cari ciganziye abatari bake, Biden yitabiriye amakoraniro abiri y'imyiyamamazo ejo ku wa Mungu i Pennsylvania, intara mahindagu ikomeye.

Ariko utu twigoro ntitwabujije bagenziwe bo mu mugambwe w'aba-Democrats kwiga uruhombo n'inyungu bogira mu gihe boreka ngo Biden w'imyaka 81 yiyamamaze.

Ku muhingamo w'ejo ku wa Mungu, umukuru w'aba-Democrats mu nama nshingamateka Hakeem Jeffries yatumyeko inama n'abashingamateka b'aba-Democrts bo ku rwego rwo hejuru, bikavugwa ko mu vyo bigiye hamwe harimwo ibijanye no kwiyamamaza kwa Biden.

Bane muri aba bari muri ino nama babona ko Biden akwiye gukuramwo akarenge, nk'uko bivugwa n'imboneshakure CBS isanzwe ikorana na BBC muri Amerika. Amakuru ava muri iyo nama avuga ko n'abandi batatu bashikirije impungenge zabo ku mahirwe yiwe mu matora ategekanijwe muri Munyonyo (11).

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Bamwe mu ba-Democrats bakuru bakuru nabo nyene barerekanye aho bahagaze mu biganiro vyerekanywe ku mboneshakure mu mpera z'indwi iheze, igihe bishura ikibazo cavuga ngo: Hari ingorane zohaba mu gihe Biden yogumizwaho canke agashirwa ku ruhande?

Bamwe bavuga ko umugambwe wabo woba uriko wegereza ikiringo co gutsindwa na Donald Trump muri Munyonyo ari nka hamwe Biden yobandanya, ariko hari abandi bavuga ko kumusubiriza vyovyara ibintu bitazwi.

Ikiganiro mpari giheruka "catumye Abanyamerika bamwe bamwe bibaza nimba koko Biden afise inguvu zo guhangana na Trump", nk'uko vyavuzwe n'umushingamateka wo mu ntatra ya California Adam Schiff ejo ku wa Mungu.

Mu kiganiro yagiranye n'imboneshakure NBC News, Schiff yaririnze kuvuga ko Biden akwiye gukuramwo akarenge, iciyumviro kimaze gushikirizwa ku mugaragaro n'abashingamateka b'aba-Democrats batanu gushika ubu.

Ahubwo, Schiff amuhanura kwegera abantu "batamwegereye kandi ataho begamiye" hanyuma agafata ingingo amaze kwihweza nimba koko yemera ko ari we akwiye kwitoza.

Nubwo hari ababona ko Biden akwiye kuja ku ruhande, ikibazo nyamukuru kihari ni iki: Ni nde yosubirira Biden, gute? Hanyuma kandi mbega wewe yoshobora guhangana na Trump?

Abatari bake mu bamushigikiye babona ko kumusubiriza vyoha inyungu Abarepubulikani ba Trump bavuga ko abakeba babo bari mu ndyane hagati yabo mu mugambwe.

Ejo ku wa Mungu, Debbie Dingell, umushingamateka wo mu ntara ya Michigan yabwiye imboneshakure CNN ati: "Dukwiye guhagarika iki kiyago. Tumaze indwi yose. Abarepubulikani bobo bateye intambwe ikomeye. Aha nshatse kuvuga ko dukeneye kugaruka kuri Donald Trump n'ivyo yakoze".

Biden afise imyaka 81, mu gihe Trump na we yujuje 78. Ikibazo c'imyaka kuri aba bagabo bompi baserukira imigambwe yabo mu matora yimirije kiriko kiravugwa cane mu batora.

Hari bamwe babona ko Kamala Harris ari we akwiye kwitoza

Mu ntango z'indwi iheze, Tim Ryan yahoze ari umushingateka wa Ohio yatanze iciyumviro ku woshobora gusubirira Biden: icegera ciwe Kamala Harris.

Mu ciyunviro ciwe yanditse mu kinyamakuru Newsweek, agira ati: "Ndemeza cane ko uwotuma dutera imbere yoba Kamala Harris. Abo bavuga ko, ari nka hamwe Harris yokwiyamamaza vyozana ingorane gusumba izo twabonye kuri Joe Biden muri rirya joro kandi tuzobandanya tubona, batazi iyo bari".

Nubwo yerekana ko abandanya ashigikiye Biden, iciyumviro c'uko umupfasoni Harris w'imyaka 59 akwiye gusubirira Biden kiriko kirashigikirwa cane kuva mu misi mike iheze.

Mu kiganiro ca Adam Schiff mu gatondo k'ejo ku wa Mungu, uno mushingamateka yavuze ko Harris ashobora gutsinda Trump "ku rugero rwo hejuru cane".

Nk'icegera c'umukuru w'igihugu kandi mu 2020 akaba yariyamamaje mu matora y'ibanze mu mugambwe w'aba-Democrats, abamushigikiye babona ko amaze kumenyera imyiyamamazo kandi ko asanzwe amenyereye poritike y'aba-Democrats.

Ejo ku wa Mungu, Donna Brazile yahoze arongoye komite nkuru y'aba-Democrats, yabwiye ikinyamakuru ABC ati: "Harris arashoboye akazi. Kubwira intumwa zizokwitaba ikoraniro kaminuza zisanzwe zishigikiye Biden-Harris ko zokwihoza Kamala Harris... ryoba ari ikosa rya poritike".

Ariko ibituma abamushigikiye bamwishimira ni navyo bishobora kumuta mu mutego: ikibazo kuri Biden si imyaka gusa, n'ingorane ishingiye ku ngingo ubutegetsi bwiwe bwagiye burafata na yo nyene ishobora no gushika kuri Harris.