Euro 2024: Mbappe v Ronaldo? Rangnick ashobora kwihora? Bimwe mu vyo twokwitega mu gice co gukuranamwo

Abafana hamwe na  Cristiano Ronaldo na Kylian Mbappe

Ahavuye isanamu, Getty Images

  • Umwanditsi, Emma Sanders
  • Igikorwa, BBC Sport journalist in Germany

Mu gihe hamaze gukinwa inkino 36 imirwi umunani ikaba yasezeye ihiganwa, ubu ihiganwa ry’igikombe ca Bulaya muri uno mwaka wa 2024 (Euro 2024) ririko ribera mu Budagi ryinjiye muri ca gihe co gukuranamwo.

Hasigaye imirwi 16, aho buri buri murwi urondera gushika mu rukino rwa nyuma rw’iri higanwa mu gisagara ca Berlin ku wa 14 Mukakaro (7).

BBC Sport, igisata ca BBC kijejwe inkino kirihweza bikeya mu bintu bigiye gukurikiranwa cane muri iki gice c’ihiganwa.

Uno mwaka woba ari uw’Ubudagi?

Icizere ni cinshi mu bafana b'Ubudagi ko igihugu cabo gishobora gutahukana iri higanwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Icizere ni cinshi mu bafana b'Ubudagi ko igihugu cabo gishobora gutahukana iri higanwa

Ubudagi buriko bukinira muhira, akarusho kuri bwo.

Nta kintu kiryoshe gusumba gutsindira igikombe muhira kandi icizere kigenda ciyongera ku Badagi ko ibi bishoboka.

Nubwo hari abatari bake babona ko umurwi wabo wari uciyubaka, icizere caraduze mu bafana bari buzuye ibibanza vyo kurorereramwo umupira, mu rukino rwabo rwa mbere rwabahuje na Ecosse.

Muri uru rukino aho Ubudagi bwanyagiye Ecosse 5-1, amazinda yaciye ahera, ubu Abadagi bakaba bafise icizere.

Uvuganye n’abafana mu bubare, ku bituro n’ahandi hose mu gihugu, si benshi bagifise amazinda.

Hampande y’abakinyi bafise ubuhinga bwinshi, abafana buzura mu kibuga no mu ryinyo bakabatera intege, kandi bafise n'umumenyereza akiri muto afise n’ubuhinga bwinshi, Julian Nagelsman. Ubudagi burafise amahirwe menshi yo gushika mu rukino rwa nyuma i Berlin.

Ronaldo ashobora kuronka igitsindo? Ashobora kuzohura na Mbappe?

Ubufaransa na Portugal biherutse guhura muri Ligue des Nations no muri Euro 2020, kandi birashobora gusubira gutana mu mitwe mu Budagi

Ahavuye isanamu, Gety Images

Insiguro y'isanamu, Ubufaransa na Portugal biherutse guhura muri Ligue des Nations no muri Euro 2020, kandi birashobora gusubira gutana mu mitwe mu Budagi

Kumbure bizoteba bize, si ko none?

Cristiano Ronaldo, ari kumwe na Patrik Schick, ni bo binjije ibitsindo vyinshi muri Euro 2020, kandi amaso yose yari kuri we, abatari bake bakaba bari biteze ko ari we yari kubera Portugal urumuri mu Budagi.

Ariko uno musatirizi w’imyaka 39 ntiyashoboye kwinjiza igitsindo na kimwe mu nkino zo mu mirwi – ubu bukaba ari bwo bwa mbere, haba mu nkino za Bulaya canke z’igikombe c’isi yose.

Hagati aho, si ukuvuga ko vyanse atagerageje. Muri iri higanwa rya Euro 2024 amaze gutera imipira yerekeza mw’igori incuro 12 – ni we wa mbere gushika ubu. Rero abakunzi b'umupira bararindiranye igishika igitsindo ciwe ca mbere muri iri higanwa.

Ari nka hamwe Portugal n'Ubufaransa vyorengana igice c’umunani gishira ica nyuma, vyohurira mu gice ca kane gishira ica nyuma, akayagwa kakayagwa mu gihe Ronaldo yoba ariko agerageza gukora ibishoboka vyose kugira ngo azimye Kylian Mbappe.

Kunanirwa no gushika ku vyo abantu bari bakwitezeko

Kumbure umurwi w'ibihangange w'Ububirigi ushobora kuba waragiye, ariko mu gihe gushika ubu uza mu kibanza kigira gatatu kw'isi, haracari icizere cinshi ko ushobora kuvyifatamwo neza muri iri higanwa.

Gushika ubu, nta kintu barakora.

Urukino Ububirigi bwakinye na Ukraine rukarangira ari 0-0 ni rwo rwashoboye kumara ishavu abafana baguma biha akaruru berekana ko batishimiye umurwi wabo, nubwo washoboye kubandanya mu gice co gukuranamwo.

Mu kiganiro n'abanyamakuru ku wa gatatu, Kevin de Bruyne yateye akamo abafana, aho yavuze ko Ububirigi bubakeneye cane.

None ubwo bazoja gushigikira umurwi wabo? Hari ababona ko Ububirigi bugifise igikorwa co kugarukana icizere muri aba bafana basa n'abacitse intege.

‘Ntaco ushobora gushikako ukinisha inzoya’

Lamine Yamal, i buryo, ni umwe mu miyabaga iriko ikora ibidasanzwe muri Euro 2024

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Lamine Yamal, i buryo, ni umwe mu miyabaga iriko ikora ibidasanzwe muri Euro 2024

Ariko kumbure Espagne yoyo hari ico yoshikako.

Nk'ibihangange muri iri higanwa gushika ubu, abakinyi ba Espagne bisubije ijambo mu mupira w'amaguru i Bulaya, kandi umurwi ufisemwo abana bashasha.

Nico Williams, Lamine Yamal n'abandi bamaze kwiyerekana muri iri higanwa kubera ukurinda kwabo n'ubuhinga bwabo gushika ubu.

Ku buhinga bwabo budasanzwe ku mupira n'ingene bahererekanya, iyi misore y'ibihangange imaze kwerekana ko ifise ibikenewe vyose kugira ngo ishikane igihugu cabo kure.

Ku myaka 16 gusa, Yamal asanzwe akinira Barcelona amaze kuboneka ko ageramiye abakinyi b'inyuma, kandi nta na kimwe cerekana ko agiye gutezura ubu bwa vuba.

Ubu abafana ba Espagne usanga banditse izina rya Williams inyuma ku dupira twabo. Nta wokwibagira kandi Pedri, rurangiranwa hagati.

Aba bana bahagaze neza.

Abafana b'Ubuholande ntibavyorosha

Abafana b'Ubuholande bararyohera abantu mu Budagi iyo bari kw'idefire bagana ikibuga bambaye umwambaro wabo w'umutugutu.

Ahavuye isanamu, GEtty Images

Insiguro y'isanamu, Abafana b'Ubuholande bararyohera abantu mu Budagi iyo bari kw'idefire bagana ikibuga bambaye umwambaro wabo w'umutugutu.

Abafana ni bo baryosha ihiganwa, kandi gushika ubu abafana ba buri gihugu barakora igikorwa cabo mu kuzana umunezero n'icuka ciza mu nkino z'iri higanwa rya Euro 2024.

Hagati aho, ni ngombwa kuvuga ko Abanyaholande babaye ntibagiranwa mu Budagi gushika ubu.

Mu bisagara vya Hamburg, Leipzig na Berlin, amabarabara barayagize ay'umutugutu ku nyambaro zabo z'umutugutu, bagenda bavyina, baririmba inzira yose gushika mu bibuga.

Abanyagihugu ba Munich babarindiranye igishika cinshi igihe Ubuholande buzoba buhura na Romania mu rukino rwavyo rwo mu gice c'umunani gishira ica nyuma, hazoba ari ku wa 2 Mukakaro.

Barayoshe kuraba bariko baririmba akaririmbo kabo basimbagurika i bubamfu n'i buryo bari kw'idefire yabo.

Autriche ikubita ibangura

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Autriche iriko iriyerekana ko ari igihangange muri iri higanwa, inyuma y'aho ifatiye ikibanza ca mbere mu murwi warimwo ibihugu vy'ibihangange nk'Ubuholande n'Ubufarnasa, vyose bakabikesha umumenyereza wabo - uwahoze amenyereza Manchester United vy'imfatakibanza, Ralf Rangnick.

Rangnick amenyereza umurwi ufise ishaka ridasanzwe, w'intaruha kandi uboneka ko ufise intego.

Ntibateba kwerekana ko batagiye mw'ihiganwa ngo baje gufyinata. Mu minota ya mbere, baba batanguye kwiha inkumbi. Mu kwa gatatu, Christoph Baumgartner yinjije igitsindo ca mbere cihuse gushika ubu mu mupira w'amaguru mu nkino mpuzamakungu, aho yinjije igitsindo mu misegonda indwi ya mbere, igihe igihugu ciwe cahura na Slovakia, kandi no mu Budagi ntibateba kwinjiza.

Mu nkino zibiri muri zitatu bamaze gukina gushika ubu, binjije igitsindo ca mbere mu minota cumi ya mbere, aha rero Turukiya igategerezwa kuhagabira kuva ku ntango y'urukino mu gice c'umunani gishira ica nyuma.

Ubwo Rangnick, yatawe nk'akanuka muri Man United, arashobora guhumira Ubwongereza ari nka hamwe boramuka bahuye mu gice ca kabiri gishira ica nyuma? Tubirindire.