Uburundi bwoba buhombera mu kudatunganya neza kwakira amafaranga arungikwa n'ababa hanze

Abantu bariko barasuma mw'isoko rya Clemenceau mu Bubirigi
Insiguro y'isanamu, Amafarahga arungikwa n'ababa hanze araterara cane mu butunzi bw'ibihugu vyo muri Afrika
  • Umwanditsi, Alain Majeste Barenga
  • Igikorwa, Umunyamakuru, Belgique

Abarundi baba ku mugabane wa Bulaya barashimishwa n’uruhara rwabo mw’iterambere ry’Uburundi biciye mu mahera barungika mu gihugu bamukamwo ngo afashe imiryango basizeyo, yongere asahirize mw’iterambere ry’igihugu.

Yamara abo barundi baridoga bavuga ko uburyo bwo kurungika bakoresheje amahera y’agaciro bwakuweho mu mabanki bigatuma amahera menshi bayacisha mu kinywabi.

Étienne Ndikumana ni umurundi w’imyaka 47 aba mu gisagara ca Mouscron mu bumanuko bw’Ububiligi. Uwo asanzwe akora akazi ko kwunguruza ingenzi mu ma bisi manini manini, avuga ko we n’abagenzi, naho bari ku birometero birenga 7000 agatima gaterera mu Burundi. Ni naco gituma igice kimwe c’agashahara bakirungika iyo bamuka.

Agira ati: “Muri ibi bihugu twatsemwo indaro abarundi tuhaba nk’impunzi canke nk'abanyeshuri, hari n’abaje gukora ubuzi. Muri twebwe hariho n’abaronse ubwenegihugu. Usanga amahera menshi tuyarungika mu Burundi iwacu kuko ivyankenerwa ari vyinshi.

“Usanga hariho abakeneye imiti izimvye, ababuze ababo, abakeneye kwivuza canke natwe tukipfuza kwubaka amazu. Ugereranije ntawurungika amahera ari munsi y’ibihumbi 2000 vy’ama Euros ku mwaka.

“Uwo ni uwa make kuko hari n’abashikana ibihumbi cumi ku mwaka. Ca ugwiza n’ibihumbi vy’abarundi bari i Bulaya. Ni amahera menshi cane.”

Ubudasa bubini cane hagati yo kw'isoko no muri banki

Étienne abandanya avuga ko ikibabaje ari uko hari igihe abayatora betemererwa kuyahabwa mu mafaranga yo hanze nk'uko yaje, bakavunjirwa mu marundi ku rugero rwo muri banki.

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Canke kuyatora mu mafaranga yo hanze bikemererwa uwufise konte mu mafaranga yo hanze nyene, abazifise nabo bakaba ari imparurwa.

Ivyo bikaba mu gihe urugero rwo kuvunja kw'isoko rya magendo hari igihe usanga rungana icuro zibiri urwo muri banki.

Nk'akarorero, uwurungikiwe dorari rimwe akarivunja kw'isoko ashobora kuronka 6.000 canke birenga vy'amarundi mu gihe arivunjishije muri banki ata na 3.000 bishika.

Avuga abarungika amafaranga yo hanze baca bikora ku babikora mu kinywabi (marché noir) kugira bavunjire ku rugero nk'urwo kw'isoko rya magendo, bigateza igihombo ku butunzi bw’igihugu kuko ataba agiciye mu nzira za banki ngo aje mu mafaranga y'agaciro igihugu gikeneye cane.

Ivyo kandi biremezwa n’abasanzwe bakora umwuga wo kurungika ayo mahera mu Burundi.

Justin Bizabigomba akora uwo mwuga avuga ko amahera arungikwa ari menshi ariko bakayatanga mu marundi. Agira ati: “Abantu benshi barijukiye kurungika amahera, jewe ubwanje ndarungika ibihumbi birenga 90 canke 110 vy’ama euros ku kwezi.

“Si jewe gusa, ndazi n’abarenga 6 bijukiye ako kazi, kandi twebwe tuyarungika mu marundi tubicishije ku ma telefone bimwe bita mobile money muri ecocash canke Lumicash mu Burundi.

“Kandi abarundi barungika ni benshi, uwurungika make arungika amahera 100 y’ama euros. Ayo arenga ibihumbi 600 vy’amarundi kw’isoko ribangabanganwa n’irryo amabanki, irizwi nka ''marché noire.''

Joséphine Jones Nkunzimana
Insiguro y'isanamu, Joséphine Jones Nkunzimana asaba ko abarundi baba mu mahanga bahabwa ikibanza mu guteza imbere igihugu cabo

Joséphine Jones Nkunzimana ni umurundikazi aba mu Bubiligi. Asaba abatwara Uburundi guha agaciro abarundi baba mu mahanga kugira basahirize neza mw’iterambere.

N’abahinga mu vy’ubutunzi bavuga ko hakiri agahaze.

Godefroid Bigirimana ni umuhinga mu vy’ubutunzi muri Leta y’Ububiligi mu gisata kiraba iterambere no gutanga akazi.

Avuga ko n’aho ayarungikwa mu Burundi ari make ugereranije n’ibindi bihugu vyo muri Afrika, ngo na make arungikwa ntiyungukira igihugu nk’uko vyategerezwa.

Godefroid Bigirimana
Insiguro y'isanamu, Godefroid Bigirimana, umuhinga mu vy'ubutunz,i avuga ko Uburundi buhombera mu kudatunganya neza kwakira amahera arungikwa n'ababa hanze

Agira ati: “Uravye amahera arungikwa n’abarundi baba mu mahanga, aracari make kuko atarenza rimwe kw’ijana ry'amafaranga y'umwimbu w'igihugu ku mwaka.

Ibihugu vya Afrika y’uburengero nka Sénégal n’ibindi hoho usanga arenza munani kw’ijana.

“Ikindi ni uko nayarungikwa usanga aca mu binywabi ntakoreshwe ivyankenerwa nko kugura imiti, ibitoro n’ibindi igihugu gikeneye”.

Uwo muhinga avuga ko hakenewe politike y’igihugu nziza yo gutororokanya amahera arungikwa n’abarundi baba mu makungu kugira aterere mw’iterambere nk’uko biba ahandi.

Ibiharuro vy’igisata ca ONU kijejwe abimukira, OIM, ishami ryo mu Burundi, vyerekana ko mu 2023 abarundi baba mu makungu barungitse imiriyoni 48 z’ama dolari ya Amerika, ayo nayo ntashika 1% y'ava mu mwimbu igihugu kironka ku mwaka.

Kuri urwo rugero, bisigura ko Uburundi buza ubwanyuma ku rutonde rw’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko inyuma ya Sudani y’Epfo.