Ubwo igitero c’Uburusiya muri Ukraine kiriko kigenda uko cari gitegekanijwe?

Igihe igisirikare casatira igisagara ca Kharkiv mu kwa gatanu, Ukraine yari mu bukene bw'amasasu bitewe n'uko imfashanyo ya gisirikare itangwa n'Uburengero yariko irateba gushika

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igihe igisirikare casatira igisagara ca Kharkiv mu kwa gatanu, Ukraine yari mu bukene bw'amasasu bitewe n'uko imfashanyo ya gisirikare itangwa n'Uburengero yariko irateba gushika
  • Umwanditsi, Kateryna Khinkulova & Oleh Chernysh
  • Igikorwa, BBC World Service

Hagati muri Rusama (5), Uburusiya bwakoze igitero rutura muri Ukraine buciye mu buraruko bushira ubuseruko, burasatira giturumbuka intara ya Kharkiv, bwigarurira uturere tumwe tumwe bwari bwigeze gufata mu ntango y'intambara ariko mu nyuma Ukraine ikatubohoza.

Bamwe mu bihweza ibintu n'ibindi bavuga ko iki cari igitero cabaye "mu gihe amakungu yari asinziriye".

Hakurikiye intambara zikomeye mu micungararo y'igisagara ca Vovchansk kiri ku birometero bitanu (5 km) uvuye ku rubibe rw'Uburusiya na Ukraine.

Ivyari vyitezwe gukurikira ntivyari vyiza kuri Ukraine: Uburusiya bwaboneka ko bwari kubandanya busatira mbere gushika aho bwigarurira igisagara ca Kharkiv, kiza ubugira kabiri mu bunini muri Ukraine, cabamwo abanyantu imiriyoni 1,4 imbere y'intambara.

Ukraine yari mu bukene bw'amasasu, bitewe n'uko imfashanyo y'ibihugu vy'Uburengero yariko irateba gushika, inyuma y'amezi atari make vyari bimaze bidashobora gufata ingingo.

Vyasa n'uko Uburusiya bwari bwigiye ku makosa yabwo yo muri kahise, bikaboneka y'uko intambwe yari gukurikira yari kuba igitero co mu ci cari gutuma butera intambwe ikomeye.

Umuhinga mu vya gisirikare Jack Watling wo ku kigo Royal United Services Institute co mu Bwongereza avuga ko intego y'ico gitero itari gusa uburaruko bushira ubuseruko, ariko ko "Uburusiya bwari gutera busatira Donbas", akarere kari mu buseruko bwa Ukraine, ibice bimwe bimwe vyako bikaba bisanzwe biri mu minwe y'Uburusiya kuva mu 2014.

None iki gitero c'Uburusiya coba cagenze neza ?

Inyuma y'amezi hafi abiri, ingabo z'Uburusiya zigenda zitera intambwe mu turere tumwe tumwe ku rubuga rw'intambara, ariko zarananiwe no kwigarurira rwose ibisagara bikomeye vya Vovchansk na Chasiv Yar. Ibi bisagara vyompi biriko biberamwo intambara zikomeye kuva mu mayinga atandatu aheze.

Ibisagara bikomeye vya Vovchansk na Chasiv Yar biriko biberamwo intambara zikomeye kuva mu mayinga atandatu aheze

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibisagara bikomeye vya Vovchansk na Chasiv Yar biriko biberamwo intambara zikomeye kuva mu mayinga atandatu aheze

Ifatwa ry'ibi bisagara ryoba rihaye akaryo keza Uburusiya ko kuzibira amayira Ukraine icishamwo uburyo bwa gisirikare kandi rikabushoboza kwinjira hagati.

Imvo nyamukuru yatumye budashobora gutera intambwe ni uko, ku ruhande rumwe, Uburusiya busa n'ubwananiwe gushikana ingabo z'integabizoza mu kibanza nyaco mu mwanya nyawo kugira ngo zikomeze ibitero.

Ku rundi ruhande, imfashanyo nshasha za gisirikare zaratanguye gushika muri Ukraine, ivyayifashije kugumana ibirindiro vyayo.

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Mykola Bieleskov, umushakashatsi ku kigo National Institute for Strategic Studies co muri Ukraine, avuga ko Uburusiya bwaciye bwihutira gutera, inyuma y'aho inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika zemereje imfashanyo ya gisirikare y'imiriyaridi 61 z'amadorari y'Abanyamerika igenewe Ukraine muri Ndamukiza (4).

Ati: “Amahirwe yaciye atangura kugabanuka. Iyi mfashanyo nshasha yagabanije ubwiganze bw'Uburusiya mu ntambara yo hasi. Ni co gituma, nubwo Ukraine yari igifise inkoho nkeya, igihengeri caragabanutse”.

Gushika mu mpera z'ukwa gatanu, umuvuduko w'ibitero mu ntara ya Kharkiv waragabanutse cane. Alexander Kots yandika amakuru ya gisirikare ku mbuga ngurukanabumenyi yanditse ko Ukraine yagomoreye ingabo z'integabizoza kuri Vovchansk kandi “[twebwe ingabo z'Uburusiya] ntitwari twiteze gushoka dutera intambwe zikomeye. Twari dukeneye gutsimbataza ibirindiro vyacu tukitegurira igitero co kwivuna”.

Ariko nubwo umurindi w'iki gitero wagabanutse hanyuma ingabo za Ukraine zari zasubiye kwiyegeranya zikagumya ibirindiro vyazo, ibi ntibisigura ko Uburusiya bwariko buraneshwa. Hari imvo zibiri muri ino ntambara zagize ingaruka ku kungene ibintu vyagenze.

Iya mbere: Amabombe yarara (bombes planantes/ Glide bombs)

Kimwe mu bituma ni ibibombe vyarara, kimwe mu birwanisho vy'Uburusiya vyabubereye kirumara muri ino ntambara gushika ubu. Abategetsi ba Ukraine bavuga ko indege z'Uburusiya zirekura ibibombe bishika ijana buri musi kuva mu mayinga aheze.

Russia bubandanya bucucagira ibisasu vya muzinga n'ibibombe vyarara ku ntara ya Kharkiv

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uburusiya bubandanya bucucagira ibisasu vya muzinga n'ibibombe vyarara ku ntara ya Kharkiv

Ibibombe vyarara ni ibibombe vyimanura bukebuke kandi ata rwamo, vyinshi muri vyo bikaba ari ivyo mu gihe c'ubutegetsi bw'aba-Soviyeti mbere no mu gihe c'intambara ya kabiri y'isi yose. Vyarasubiwemwo, maze bihabwa amababa bishirwamwo n'ubuhinga bwo gushobora kugenda bigenzurwa n'ibigendajuru - ibi bigatuma bishobora gutumberezwa ku giharuro kugira ngo ntibihushe. Indege z'Uburusiya zirekura ibi bibombe zikiri mu kirere c'Uburusiya.

Ubuhinga bwo gukingira ikirere busa n'uko budashoboye gusambura ibi bibombe bikiri mu kirere nk'uko busanzwe bubikora ku bisasu vya misire na za ndege zitagiria abadereva. Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yarashikirije iki kibazo mu kiganiro aheruka guha ikinyamakuru co muri Amerika.

Mu kuzibira indege z'Uburusiya kugira ngo ntizirekure ibi bibombe, vyabaye ngombwa ko Ukraine isaba uburenganzira ibihugu vy'Uburengero kugira ngo ishobore gukoresha ibirwanisho yahawe mu kurasa indege za gisirikare zikiri ku butaka bw'Uburusiya.

Nk'uko bivugwa n'umuhinga Mykola Bieleskov, gutera ibibuga vy'indege vya gisirikare vy'Uburusiya ni yo nzira yonyene yashoboka kugira ngo ibibombe vy'ubu bwoko ntibibandanye vyiha inkumbi muri Ukraine.

Iya kabiri: Ibitero ku Burusiya

Ugukubitwa kwa Ukraine ku rubuga rw'intambara hamwe n'ibitero vy'urutavanako vy'indege z'Uburusiya ku bigo vy'umuyagankuba vya Ukraine, vyatumye Amerika yisubirako ku ngingo ijanye n'ikoreshwa ry'ibirwanisho yahaye Ukraine mu gutera ku butaka bw'Uburusiya.

Mu kwa kane, Inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika zaremeje imfashanyo ya gisirikare y'imiriyaridi 61 z'amadorari y'Abanyamerika igenewe Ukraine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu kwa kane, Inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika zaremeje imfashanyo ya gisirikare y'imiriyaridi 61 z'amadorari y'Abanyamerika igenewe Ukraine

Ukraine yabanje guhabwa uruhusha rwo kurasa ibibanza vya gisirikare ku butaka bw'Uburusiya biri hafi y'intara ya Kharkiv ikoresheje ibirwanisho yahawe na Amerika. Mu mpera z'ukwa gatandatu, umuhanuzi wa Amerika ajejwe umutekano Jake Sullivan yavuze ko aya masezerano na Ukraine ku bijanye n'ikoreshwa ry'ibirwanisho vya Amerika mu Burusiya yayihaye uburenganzira bwo kurasa “ahantu hose ingabo z'Uburusiya zijabukira zinjira muri Ukraine kugira ngo zigerageze gufata ubundi butaka bwa Ukraine”.

Uru ruhusha ntirworoshe gutangwa, kuko benshi muri Amerika no mu bihugu vy'Uburengero muri rusangi bigerageza kwirinda guhangana n'Uburusiya amaso mu yandi.

Uburusiya bwavuze ko kwemerera Ukraine gukoresha ibirwanisho yahawe na Amerika mu gutera ibibanza ku butaka bw'Uburusiya ari icerekana "uruhara rutaziguye rwa Amerika muri ino ntambara".

Ino ntambara izobandanya gushika ryari?

Nubwo iki gitero c'Uburusiya ata ntambwe zifadika cateye gushika ubu, ibintu ntibiradadanuka.

Igisirikare ca Ukraine kiri hasi cane y'ic'Uburusiya mu bijanye n'igitigiri c'ingabo. Intwazangabo nkuru imwe mu gisirikare ca Ukraine yavuze ko mu bibanza bimwe bimwe wasanga ingabo z'Uburusiya zisumba iza Ukraine incuro zishika cumi. Ariko hagati aho, Uburusiya bubandanya butakaza cane. Amakuru y'igendereza abandanya yegeranywa n'igisata ca BBC gikoresha ururimi rw'ikirusiya ku bijanye n'ivyo Uburusiya butakaza yerekana ko ibitigiri vy'ingabo z'Uburusiya zigwa ku ruganmba vyiyongereye muri ano mayinga aheze, ibi bigashobora kugira ingaruka kuri iki gitero.

Gushika mu mpera z'ukwa gatanu, umuvuduko w'igitero ku ntara ya Kharkiv waragabanutse

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Gushika mu mpera z'ukwa gatanu, umuvuduko w'igitero ku ntara ya Kharkiv waragabanutse

Hari ibintu vyinshi bishobora kuba bitagenze uko vyari vyateguwe kuva intambara yuzuye yadutse muri Ruhuhuma (2) 2022, ariko Uburusiya ntiburota burekura mu ntego yabwo yo guhangana n'ubufasha Ukraine ihabwa n'Uburengero.

Inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika zihejeje kwemeza imfashanyo nshasha ya gisirikare igenewe Ukraine, Dmitry Medvedev yahoze arongoye Uburusiya akaba mbere yaranabaye umushikiranganji wa mbere w'iki gihugu, yanditse ati: “Nta nkeka tuzotsinda, nubwo hemejwe zino miriyaridi 61z'amadorari y'amaraso. Inguvu n'ukuri biri ku ruhande rwacu”.

Avuga ku gihe ino ntambara yo muri Ukraine ishobora kumara, Francis Dearnley, umwanditsi mu kinyamakuru Telegraph co mu Bwongereza, avuga ati: “Uburengero burivuna aho gutera, kandi Amerika - incuti ya mbere kirumara ya Zelensky - igenda ikwega ibirenge mu gutanga ibirwanisho n'ikoreshwa ryavyo, akaryo kuri Ukraine ko gushobora kubandanya ibaho, ariko atari ugutsinda vyanse bikunze”.

“Amahano y'ino ntambara ya mbere isheshe amaraso ku mugabane wa Bulaya kuva mu ntambara ya kabiri y'isi yose, agiye kumara igihe kirekire gusumba uko vyari vyitezwe".