Ayavugwa mu mupira w'amaguru kuri uno wa Mungu: PSG yiteguye gutanga ibitagenda kuri Lamine Yamal wa Barcelona

Ku myaka 16, Lamine Yamal ariko yandikisha izina mw'ihiganwa ry'igikombe ca Bulaya ririko ribera mu Budagi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku myaka 16, Lamine Yamal ariko yandikisha izina mw'ihiganwa ry'igikombe ca Bulaya ririko ribera mu Budagi

Manchester United yatanguye ibiganiro n'umukinyi w'inyuma w'Ubuholande Matthijs de Ligt w'imyaKa 24, akaba yiteguriye gusezera umurwi wiwe wa Bayern Munich muri iri ci . (Sky Sport Germany)

Paris St-Germain iriteguriye kugura ku giciro ca mbere kinini kw'isoko ry'abakinyi kw'isi,umukinyi wo ku ruhande wa Espagne Lamine Yamal w'imyaka 16 asanzwe akinira Barcelona. (Mundo Deportivo - mu ki espagnol)

Manchester City iripfuza umukinyi wo hagati wa Bayern Munich Umudagi Joshua Kimmich w'imyaka 29, hamwe n'umukinyi wo ku ruhande wa RB Leipzig, Umunya-Espagne Dani Olmo w'imyaka 26. (Sun)

Chelsea iriko irihweza nimba ikwiye gushirako umusatirizi wa Senegal Nicolas Jackson w'imyaka 23 mu masezerano yo kurondera umusatirizi wa Newcastle United Umunya-Suwede Alexander Isak w'imyaka 24. (Sun)

Chelsea iriteguye kandi gutanga Umwongereza akina hagati Conor Gallagher w'imyaka 24, umusatirizi wa Albania Armando Broja w'imyaka 22, hamwe n'Umwongereza akina inyuma Trevoh Chalobah w'imyaka 24, mu masezerano yo kurondera Isak. (Football Insider)

Alexander Isak

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Alexander Isak

Arsenal iracipfuza Isak kandi irashobora gutanga amahera asabwa na Newcastle, ariko aba ba-Gunners bashobora kuba bashira imbere kurondera umukinyi wo hagati. (Football Transfers)

Newcastle iri mu biganiro bigeze kure na Nottingham Forest mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo ku ruhande wa Suwede Anthony Elanga w'imyaka 22, mu gihe umukinyi wo hagati wa Ecosse/Scotland Elliot Anderson w'imyaka 21, na we ashobora kwimukira muri uwo murwi w'aba-The Magpies. (Talksport)

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Umukinyi w'inyuma wa Senegal Moussa Niakhate w'imyaka 28 ariteguriye kuva muri Forest akimukira muri Lyon. (Fabrizio Romano)

West Ham yegereye Metz iyisaba umusatirizi wa Georgia, Georges Mikautadze w'imyaka 23, kandi iriko irakurikiranira hagufi umukinyi w'inyuma wa Irlande Jake O’Brien w'imyaka 23 asanzwe akinira Lyon. (Guardian)

Crystal Palace iripfuza Emile Smith Rowe ashobora kuva muri Arsenal ku miriyoni 25 z'amapawundi, ariko uno Mwongereza w'imyaka 23 akina hagati yipfuza kugumana n'aba-Gunners. (Sun)

Uwahoze ari umukinyi w'inyuma w'Ubufaransa Raphael Varane w'imyaka 31 yashitse mu Butaliyano mu biganiro vy'ingene yokwimukira mu murwi Côme inyuma yo kuva muri Manchester United. (Sky Sport Italia - mu gitaliyano)

Vasco da Gama yanesheje abakeba bayo ba Brezili maze ishika ku masezerano na Philippe Coutinho azoshobora kumutuma yimukira muri uno murwi muri iri ci inyuma y'aho uno mukinyi wo ku ruhande wa Brezili w'imyaka 32 yemereye Aston Villa kurangiza amasezerano yiwe. (Globo - mu gi-portugal)

Emile Smith Rowe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Emile Smith Rowe

Leicester City yanse amahera y'ibanze atangwa na Chelsea ku mukinyi wayo wo hagati, Umwongereza Kiernan Dewsbury-Hall w'imyaka 25. (90min)

Wolves yemeye amasezerano yo kugura umusatirizi wa Norvège, Jorgen Strand Larsen w'imyaka 24 asanzwe akinira Celta Vigo. (AS - mu ki-espagnol)

Umusatirizi wa Chelsea Umwongereza Carney Chukwuemeka w'imyaka 20 ariko araronderwa na AC Milan. (Gianluca di Marzio)

Borussia Dortmund yemereye "ibitagenda" umukinyi wo ku ruhande wa Tottenham Umwongereza Mikey Moore w'imyaka 16. (Football Insider)

Dortmund kandi iri hafi yo kuronka umutasirizi w'Ubutaliyano Samuele Inacio w'imyaka 16, asanzwe akinira Atalanta inyuma yo gutsinda abakeba bayo ba Bayern Munich. (Sky Sport Germany - mu kidagi)