Amasezerano n'Urwanda 'yarapfuye' – Keir Starmer

Abimukira bari mu bwato

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Keir Starmer yemeza ko n'ubundi abojanywe mu Rwanda muri aya masezerano badashika igice 1% c'abinjira n'amato mato mato baciye mu mayira atemewe
  • Umwanditsi, Sam Francis
  • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC kuri politike

Umukuru w'umugambwe Labour uramutswa ubutegetsi muri kino gihe, yavuze ko azohagarika ico yise "ukwiyerekana gusa" mu mugambi wo kwimurira mu Rwanda abimukira baja mu Bwongereza mu buryo budaciye mu mategeko, Urwanda rwumvikanyeko na Leta y'aba 'Conservatives.'

Mu migambi Labour wiyamamaje werekana, harimwo gufuta ayo masezerano, yari amaze gutwara amafranga aharurwa muri miliyoni amajana atatu na cumi z'ama pounds (£310 000 000), ukaba wemeje ko ufise umugambi wundi mwiza wo guhangana n'ikibazo c'abimukira badaciye mu nzira zizwi n'amategeko, izosubiriza aya masezerano.

Mu kiganiro yatanze ubwa mbere kuva abaye umushikiranganji wa mbere Sir Keir Starmer yabwiye abanyamakuru ati: "Amasezerano n'Urwanda yarapfuye ndetse yarahambwe imbere y'uko ishirwa mu ngiro ryayo ritangura."

Avuga ko ayo masezerano atigeze aba inzira irama yo kurangiza ikibazo c'abasaba ubuhunzi, kuko muri uwo mugambi hojanywe abadashika igice kimwe kw'ijana (1%) c'abinjira mu Bwongereza n'ubwato buto buto.

Inkurikizi z'iyi ngingo yo guhagarika uwo mugambi wo gutwara abimukira, n'ikiguzi cavyo kizoja ku mutwe w'abanyagihugu batanga amakori, ntiziramenyekana.

Guhagarika uwo mugambi kandi, bisiga ikindi kibazo co kumenya ivyo abimukira bagera ku 52,000 bari bamaze gushirwako ikimenyetso barindiriye kujanwa, ingene bizoheza bikagenda.

Amasezerano y'Ubwongereza n'Urwanda yo kurungika abimukira, yabaye urubuga rw'intambara mu gihe c'iminsi ya nyuma ya leta yahora irongowe na Rishi Sunak.

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Uyu yatsinzwe mu matora, yari yagize uwo mugambi intego yiwe ya mbere kuva ashitse ku ntebe y'umushikiranganji wa mbere, yemeza ko izokemura ikibazo c'abimukira binjira mu Bwongereza bajabutse agace k'amazi ya Manche (English Channel) bakoresheje ubwato buto buto.

N'ubwo yari amaze imyaka ibiri atangajwe n'uwari umushikiranganji wa mbere Boris Johnson, aya masezerano n'Urwanda yagiye araburizwamwo mu manza zagiye zishirwa imbere y'ubutungane, bituma ata ndege n'imwe yashoboye guhaguruka itwaye abimukira.

Uwo mugambi kandi warakweze impari nyinshi igihe waca imbere y'inama nshingamateka, bituma kenshi abashingamateka b'umugambwe Conservatives bivumbura.

Kugera kuwa 26/06/2024, abantu baharurwa mu 13,195 bari bamaze gushika mu Bwongereza bakoresheje ubwato buto buto muri uyu mwaka wa 2024, igitigiri kiri hejuru y'ico bari bamaze gushikako mu kiringo nk'ico mu myaka ine ishize.

Kuva mu 2018, hafi abagera ku 120,000 baramaze kwinjira mu Bwongereza bakoresheje iyo nzira.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer yavuze ko atiteguye gukomeza uwo mugambi wo kwiyerekana gusa

Keir Starmer yabwiye abanyamakuru ati: "Mwitegereze ibiharuro aho bimaze kugera mu kiringo c'amezi atandatu arenga gato uyu mwaka, ntaho vyari bwashike aho, iyo niyo ngorane dutoranye [ku butegetsi bwahahora].

"Biragoye gusubiza ibintu ibubisi, kandi siniteguye gukomeza umugambi [w'imburakamaro] wo kwiyerekana gusa utari bukemure ikibazo burundu."

Leta nshasha nayo nyene yashize ikibazo c'abimukira mu migambi yayo yihutirwa.

Mu migabo n'imigambi y'umugambwe Labour, utegekanya kugabanya igitigiri c'ubwato bujabuka amazi ya Manche (English Channel), mu guha akazi abakora amatohoza, no gukoresha ubushobozi bwo kurwanya iterabwoba, mu nzira yo guhasha burundu imigwi y'abakora ivyaha vyo kujabutsa abantu imbibe mu kinyegero.

Labour ntiratangaza mw'ido n'ido ibigize uwo mugambi wayo.

Mu ntango z'uyu mwaka, Perezida w'Urwanda Paul Kagame yaseye n'uwuhishura ko hamwe utoja mu ngiro, amafranga y'uwo mugambi yavuye mu makori y'abanyagihugu b'Ubwongereza yosubizwa.